Umugambi wo gutanga umuyaga nkuba uvuye kumishwarara y’izuba, uzwi kw’izina rya Soleil Nyakiriza , n umugambi wa leta y ‘uburundi ufashwe mu mugongo n’Ibanki y isi yose, watangungujwe mu 2020. Uyo muhgambi ukaba ugamije guteza imbera ubuzima bw’ibihumbi n ibihumbi vy’abantu basanzwe badafise umuyagankuba wizewe na cane cane amavuriro, amashure, n imiryango ya ba ntaho nikora. Intumbero nyamukuru n’iryo gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu hagati hakoreshejwe imishwarara iva kuzuba bafatikanije n’abikorera ivyabo.
Uyo mugambi ukaba wunganira ihangiro rya leta y uburrundi ryo kuronsa umuyagankuba abashika ku bica 40% hakoreshejwe imishwarara y izuba gushika mu 2030.
Uwo mugambi ukaba ukorera mu Mpande zitatu : (1) kuronsa umuyagankuba uva ku mishwrara ku mashure n’amavuriro, (2) kuronsa imiryango ya ba ntahonikora umuyagankuba uva kumishr=warara bisangije (3) N’ugukarihiriza ubwenge abajejwe ivyo bisata.